Heavenly Melodies Africa - Ni Impore

Ubu n'amahoro mu mutima wanje
Kuko Yesu yankijije
Kandi har' ikintu yanyigishije
N' uko ntakwiye kwiganyira

Satan' iy'anteye, akandas'imyampi
Numva mfis'ikindemesha
Ko Yesu yabonye ko ntokwivuna
Aranyigur' arancungura

N' impore, n' impore
N' impore mu mutima wanje

Ivyaha vyanje vyarabambge ku giti
Si bimwe gusa, ni vyose
Sinkibitwaye, yarabinduhuye
Iman' ishimwe, Haleluya

Noneho kubwanje kubaho ni Kristo
Kandi singitinya gupfa
Urupfu na rwo ruzomber' inyungu
Yesu yanyujuj' amahoro

N' impore, n' impore
N' impore mu mutima wanje

Mw ishikiro ryacu ni mw ijur' i bwami
S'epf'i kuzimu, bagenzi
Twitege kwumv' inzamba z'Umukiza
Uzogaruka ryari Yesu

N' impore, n' impore
N' impore mu mutima wanje

Written by:
Fabrice Nzeyimana

Publisher:
Lyrics © O/B/O DistroKid

Lyrics powered by Lyric Find

Heavenly Melodies Africa

View Profile