Olivier Nduwimana & The Seraphim's Songs - Inema

Neza amaso kuwo nzirikanako amfitiye impuhwe
Neza amaso kuwumenya iyo nicaye mpagurutse bikaba kwakundi
Iyo Mana yanje n'intatangwa guseruka
Ku ntambwe zose z'ubuzima bwanje
Niwe soko ry'inema

Imana yam'igamije kumpund'inema zayo
Uko bukey'uko bwije ntihengeshanya kumpozako inyonga zayo
Inema yayo inema yayo inema yayo inema yayo irampagije
Inema yayo irampagije
Ooooh nzobon'umukama Iman'angirira neza

Neza amaso kuwihanganira ubugaba bwanje bwose
Neza amaso kur'uwo Mukiza
Yahanaguy' ivyaha vyanje vyose
Uwo mukiza wanje yakuyeh'amananiza
Mu gutsind'urupfu rwari runkandamije
Niwe soko ry'Inema

Imana yam'igamije kumpund'inema zayo
Uko bukey'uko bwije ntihengeshanya kumpozako inyonga zayo
Inema yayo inema yayo inema yayo inema yayo irampagije
Inema yayo irampagije
Ooooh nzobon'umukama Iman'angirira neza

Kur'iyi si y'abazima nabony'Imana ingirira neza igira neza
Kur'iyi si y'abazima nabony'Imana ingirira neza igira neza
Muri kahise kanje yambereye Umunyembabazi umunyakigongwe
Inema yayo yagumanye nanje

Kur'iyi si y'abazima mbon'Imana ingirira neza igira neza
Kur'iyi si y'abazima mbon'Imana ingirira neza igira neza
Ubu mpagaze ngaha nishimiye urukundo rwayo ni nyen'urukundo
Inema yayo igumana nanje
Kur'iyi si y'abazima nzobon'Imana ingirira neza igira neza
Kur'iyi si y'abazima nzobon'Imana ingirira neza igira neza
Muri kazoza kanje nizigiye ivyiza izompa ingabire izompa
Inema yayo izohorana nanje

Imana yam'igamije kumpund'inema zayo
Uko bukey'uko bwije ntihengeshanya kumpozako inyonga zayo
Inema yayo inema yayo inema yayo inema yayo irampagije
Inema yayo irampagije
Ooooh nzobon'umukama Iman'angirira neza

Written by:
Olivier NDUWIMANA

Publisher:
Lyrics © O/B/O DistroKid

Lyrics powered by Lyric Find

Olivier Nduwimana & The Seraphim's Songs

View Profile